BurundiDiasporakirundisociete

#Diaspora| “Tubivugane” mu ntumbero yo gutezimbere imico n’akaranga

Nubwo baba mu mahanga, ngo ntibataye umuco, barangwa n’akaranga, kandi baracavuga ikirundi co kuziko.

Hashizweho ishirahamwe “Tubivugane” mu ntumbero yo gutezimbere umuco n’akaranga mu barundi baba hanze y’igihugu, aho naho si ahandi ni Ku mugabane wa America.

Ibikorwa bitari bike biramaze gukorwa mu ntumbero yo gutezimbere igisata c’urwaruka, mbere indongozi ziryo shirahamwe zikaba zizanye igikorwa kitari kimenyerewe.

Ihiganwa ryo kwandika igisomwa c’ikirundi akaba arico gikorwa kitamenyerewe mu barundi baba hanze y’igihugu.

Kw’igenekerezo rya 2 Mukakaro(07) gushika igenekerezo 01 Nyakanga(09), urwaruka rw’abarundi ruba mu mahanga barahawe ikaze mw’ihiganwa ryo kwandika igisomwa c’ikirundi.

None iryo higanwa ryoba rifise intumbero iyihe?
Ubwambere akaba ari ugusubira kumenyereza urwaruka kwandika ikirundi nkuko basigaye bandika mu zindi ndimi.

Ubwakabiri akaba ari icifuzo c’uko abana bariko barakura muri kino gihe bokura bafise ibitabo bituma bomenya gusoma ikirundi nkuko baba basoma mu zindi ndimi.

Hakaba hatumiwe urwaruka urwarirwo rwose ruba mu mahanga, kuva kuwumaze gushika mu mwaka wa gatandantu uheza amashure y’intango, gushika muri kaminuza.

Igisomwa icarico cose kirakirwa, aho kirungikwa, n’uko coba kingana mushobora kwihweza neza iyo shusho aha musi.

Mu makuru yacu yo hanyuma tukazobazanira izo ndongozi kugira zibayagire ivyerekeranye n’agashimwe gategekanijwe n’uko ishirahamwe rukora muri rusangi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 524