BurundihomepagekirundipoliticsPolitique

Abiyamamariza amatora y’abakenguzamateka basabwa gukurikiza amategeko

Abiyamamariza amatora y’abakenguzamateka ategekanijwe ku wa 20 uku kwezi bahamagariwe kwubahiriza amategeko agenga ico gikorwa.

Ako kamo katewe n’uwurongoye umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutegura amatora CENI Petero Karaveri Kazihise kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 8 Mukakaro 2020 mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru mu gihe hasigaye imisi 12 kugira ayo matora abe.

Nayo abipfuza kwitoza mu matora y’abajenama b’imitumba n’amakaritiye ngo bamaze gutangura kwiyamamariza amatora yabo, Petero Karaveli Kazihise arongoye CENI abahamagarira guhagarika imyiyamamazo yabo bakarindira itegeko rihamagaza amatora y’imitumba n’amakaritiye, bakure n’ivyapa boba bari bamaze gushira mu bibanza bimwe bimwe.

Ido n’ido ry’ijambo ryose yashikirije rijanye n’ingene ayo matora atunganijwe ni ngaha musi 👇👇👇

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764