BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicUncategorized

Berry Music ngo nta muririmvyi w’umurundi ashaka gukorana nawe

Naho umwaka wa 2020 ariwo mwaka umubereye umugisha,noneho akava mu rufuri akamenyekana ko nawe azi kwandika n’uguhibongoza,Berry ngo yatanguye kuva kera.

Uwo benshi bazi nka Berry Music ngo akaririmbo bamuziko,Melanna, kugira agafate mu ntoke ngo vyamufashe igihe kubera uguterateranya amafaranga.

Muri ico gihe cose nkuko yabiyagiye Indundi Tv, ngo yararirimba haba muhira canke kw’ishure ari naho yaraguma abwirwa ngo yandike rwiwe, kuko yamye asubiramwo iz’abandi.

Muri ico kiyago kandi, Ndemeye Bertrand, yavuze ko hari ibikorwa bindi biriko birakorwa, bizosohoka Vuba. Akizera ko bitazobandanya bimugora nkuko vyari vyatanguye.

Berry yanaboneyeho akaryo ko gushimira abariko bamukurikirana, co kimwe n’abariko baramuba hafi muri kino gihe. Muribo yavuze abavyeyi, abamenyeshamakuru co kimwe n’umugwi munini umuri inyuma.

Ariko yanabajijwe ko hari uwo yipfuza gukorana nawe hano iwacu, yishuye ko atawe akeneye muri kino gihe kuko ashaka kwubaka izina nkawe nyene, ahubwo aronse uwo hanze ngo niho vyoba sawa cane kuko mu migambi afise n’uguteza imbere umuziki ndundi kugira umenyekane mu mahanga biciye kuriwe.

Mwomenya ko Berry ari mu baririmvyi bakiri bashasha bakoze neza kuko indirimbo zabo mu mwanya muto kandi atari amasanamu zabashije kurabwa cane ku rubuga rwa Youtube.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 799