footballgroups-at-messagehomepagekirundikirundi_Sportsprimus ligueSport

Mercato: Imigwi yatanguye gusesa amahera mu kugura abakinyi

Mugihe ihiganwa rya Primus league ry’umwaka wa 2020-2021 ryamaze kurangira, imigwi imwe imwe ikina mu cicaro ca mbere yatanguye kwiyubaka mu kugura abakinyi ikoresheje amahera atari make.

Dutanguriye ku mugwi wa Kayanza United, umaze kugura uwahoze ari umumenyereza wa Aigle Noire Joslin Bipfubusa

Aba nibo bakinyi Kayanza United imaze kugura :

1) Iradukunda Didier ( Buhumuza)
2) Niyukuri Isai ( Olympic Star )

Tugiye mu mugwi wa Flambeau du centre umaze gusinyisha abakinyi bagera kuri 7, akaba ari aba bakurikira:

1) Hakizimana Issa ( Musongati Fc )
2) Bigirimana Roger ( Musongati Fc)
3) Samir Hassan ( Garage Fc)
4) Cedric Tity Mavugo
5) Evrard Ragiryimana ( Aigle Noire)
6) Jean Paul Kiza ( Bumamuru)
7) Asman Amissi wewe bamwongeye amasezerano yari akina muri uwo mugwi wa Flambeau du centre.

Tugiye ku ruhande rw’umugwi wa Rukinzo Fc, bari mu biganiro n’abakinyi babiri b’umugwi Aigle Noire , Ndikumana Asman Garden hamwe na Nkurunziza Yannick .

Musongati Fc nawo ukaba umaze gusinyisha abakinyi bagera kuri 5, akaba ari aba bakurikira :

1) Yassin Tarack ( Kayanza United )
2) Wilonja Ismail ( Rukinzo Fc )
3) Ndizeye Seifu Thomson ( Vital’o) 4)Akimana Tresor ( Buja City )
5) Asmani Ntahobari ( Vital’o)

Umugwi wa BS Dynamik nawo ukaba umaze kwongera abakinyi 20 bahora muri uwo mugwi mu mwaka uheze amasezerano ndetse uranagura n’abandi 4.

Mubo yaguze ni aba bakurikira :

1) Thierry ( Bumamuru )
2) Irambona Vally ( Bumamuru )
3) Nsengiyumva Yves ( Vital’o)
4) Ibrahim Hussein ( Vital’o)

Kurikirana amahera baguzwe ngaho kuri Indundi TV 👇👇👇👇👇👇

What's your reaction?

Related Posts

1 of 901