CAN2019footballgroups-at-messageInfrastructuresInkinointamba murugambakirundi_SportsPremiereprimus ligueprimusic-burundiSport

# Indundi Sports | Uwari icegera niwe yahawe amabanga yo kumenyereza Rukinzo Fc

Ubuyobozi muvy’ubuhinga mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB bwaraye bufasha ingingo yo kudasubirira kwemerera umumenyereza uwariwe wese ataciye mu vyigwa bimuha uburenganzira bwo kuronka Licence C ya CAF  kuba umumenyereza mukuru w’umugwi uri mu cicaro ca mbere mw’ihiganwa rya Primus league ry’umwaka wa 2020-2021.

Miburo Aboubakar nawe yari  icegera ca Bagumako Amissi muri Rukinzo Fc yabitomboroyemwo kuko  yaciye agenwa nk’umumenyereza mukuru w’uyo mugwi kubera ko  afise Licence C ,mugihe uwo amukuriye yaciye aba icegera ciwe.

Uko ari babiri bakaba barakoranye neza mu nkino zo gusubiriza z’ihiganwa rya Primus league 2019-2020 ndetse baranashikana Rukinzo Fc mu rukino rwanyuma (Finale) rw’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu rwabahuje na Musongati Fc ivyatangaje abantu batari bake .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 330