BurundiArsenalChelseafeatured sporthomepageInkinokirundikirundi_SportsYvan muziki

Justin Ndikumana abandanya yitwara neza muri Sofapaka

Umunyegori w’Intamba mu rugamba Ndikumana Justin abandanya yitwara neza mu mugwi Sofapaka Fc.

Mu rukino rw’ihiganwa ryo muri Kenya ryabaye kuri uyu wa Mungu waraye uheze igenekerezo rya 03 Ruhuhuma Sofapaka Fc yatsinze Kariobangi Sharks ibitsindo 2-0 , uyo munyegori yitwaye neza arakura imipira ikoma komeye yari yatewe na basatirizi b’umugwi Kariobangi Sharks.

Justin Ndikumana akaba yaje mu mugwi Sofapaka Fc avuye mu mugwi Saint loi lupopo iri mu gisagara ca Lubumbashi muri Repubirika iharanira Demokarasia ya Congo.

Sofapaka Fc asanzwe akinamwo ikaba iri mu kibanza ca 4 n’amanota 17 mw’ihiganwa ryo mu gihugu ca Kenya.

Mukamenya ko muri uyo Mugwi Sofapaka Fc harimwo uwundi mukinyi w’intamba mu rugamba ariwe Moussa Omar .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 879