BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Imvo n’imvano ya Lolilo kutitaba ubugeni bwa Big Fizzo yamenyekanye

Naho Lolilo ari mu nkehwa Big Fizzo yari yahaye ubutumire ku bugeni bwiwe, uwo muririmvyi ntiyabashije kubwita. Bamwe bakaba bavuga ko ari kubera ngo uwo muririmvyi nawe atabashije kumufata mu mugongo igihe nawe abura umuvyeyi, ariko yatanze umuco.

Mu kiyago na Juste Gael, Lolilo yavuze ko ugusiba kwiwe mu bugeni ataho bisa bisana n’ukuba Big Fizzo yoba atagiye mu kiriyo igihe umuvyeyi wiwe yitaba Imana. Ahubwo avuga ko vyatumwe nuko ngo yagize ikibazo.

Ivyo Sivyo, yaraje, yarungitse Double jay, yarungitse Kirikou, Drama T, yarungitse abantu benshi. Peu être kubera yari yafatiriwe, muga yaranterefonye arambwira ko asangiye umubabaro nanje, kuri jewe mbona ari sawa, nta mutima mubi ndamufitiye.”

Lolilo muri ico kiyago yanaboneyeho akaryo ko gushimira Big Fizzo kuba yarabashije kumutumira, ariko avuga ko imvo y’ukutamwitabira ubugeni ngo ari ikibazo c’uko umwe mubo bakorana hafi yari yabuze umuntu.

Ndashimiye Fariouz kuba yarampaye Invitation yo kuza muri Mariage yiwe, arambabarira kuba ntaje ku bugeni bwiwe, kuko twavyutse umu Oncle wa Brian yapfuye, nico gituma ntaje kuko twari kumuhamba.”

Muri ico kiyago nyene, Lolilo yamenyesheje ko hagati y’ubugeni n’ukuja gushika ku wagize ikibazo c’ukubura umuntu, we yahisemwo kuja gushika kuwabuze.

Brian Smith abuze umu oncle wiwe urumva n’ikintu gikomeye cane, sinogenda kuri Mariage.”

Aho mukamenya ko bo uko ari babiri aribo baririmvyi bivurwa cane ko badacana uwaka naho muri ino misi umengo umuriro warazimye kuko banatumirana mu biteramo, aho tukavuga nk’igiteramo ca Lolilo, Big Fizzo aheruka kwitaba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775