BDUSAAlbinosBurundiBusinessCuteDiasporaDiaspora Organizationskirundi

#diaspora|Myfin microfinance igiye kworohereza abarundi baba mu mahanga kuzana imitahe

Hagiye kwugururwa ishirahamwe ryo kuziganya no kugurana(microfinance Myfin),mu ntumbero yo kworohereza abarundi baba mu mahanga gushika imitahe yabo hano mu gihugu.


Ubucuti buri hagati y’ishirahamwe ARN (Action pour la Restauration des Nations) kumwe n’ishirahamwe ry’abarundi baba mu makungu (Diaspora Burundaise) bugiye kuvyara ikigega co kuziganya no kuguranana.

Ibitari bike bikaba bimaze gukorwa kugirango umwaka wa 2020 uhere imiryango ya Myfin microfinance imaze kwuguruka.
Mw’itangazo ryaraye rishizwe ahabona kw’igenekerezo rya 5 Myandagaro (08)n’uwuserukira amashirahamwe ry’ abarundi baba mu makungu ku mpande zine zine (Diaspora Burundaise) umushingantahe Japhet Logentil amenyesha iyo microfinance ari ngirakamaro kuko ama banki ataborohereza ku mvo zuko batazi iyo baba.
Umushingantahe Thadee Nshimirimana arongeye ishirahamwe ARN akanaba n’umukozi w’Imana mw’ishengero Eglise du Roche aratwiteza ko iryo shirahamwe rizoba umuhuza w’umunyagihugu aba mu Burundi ndetse n’uwuba mu makungu, kandi rije gufasha mw’iterambere ry’igihugu.

Ivyo n’ibindi ni mu kiganiro hano musi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 516