East Africa NewsAkes DonEntertainmenthomepagekirundiMagic Soldier KingorongoromusicPassport

Zari yashize mu rwara Diamond

Amafaranga Diamond afise ngo ntashikira ayo abagabo bandi bagendanye na Zari bari bafise.

Mu gihe Zari azwiko kugendana n’abagabo bafise amafaranga, Diamond ngo ntaja mu gitigiri c’abagabo bafise amafaranga yasohokanye nabo. Ivyo uwo mugore abarizwa muri afrika y’epfo akaba yabishikirije akoresheje urubuga rwa Instagram, ariko yishura uwabibajije.

Ivyo akaba abishikirije mu gihe mu misi mikeya hazoba hakwiye umwaka wose amusezereye mu rukundo. Aho hakaba hari igenekerezo rya 14 ruhuhuma muri 2018, akaba yamusezereye bamaze kuronka abana 2.

Bikaba kandi bishikirijwe mu gihe bivurwa ko Diamond yoba aheruka gutera inda umukunzi wiwe mushasha, Tanasha.

Mwomenya ko umugabo yagendanye nawe imbere ya Diamond yaharurwa mu banyamafaranga bakomeye muri Uganda, imbere yuko yitaba Imana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769