BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Delegue General yavuze uwo yokorana Hagati ya Big Fizzo na Sat-b

Doctor canke Delegue General uno musi ngo ntawe akeneye gukorana nawe indirimbo, yaba uwo arondera canke uwumurondera.

Mu kiyago na Landry, uwo muririmvyi avuga ko atarabona akamaro ko kuririmbana n’umuririmvyi wa hano iwacu. Ngo gushika ubu ntaco arabibonamwo, niyagira ico abibonamwo hanyuma ngo azobikora.

“Ntibiranza mu mutwe, ntibikenewe. Kuko sindabona ikintu vyonyungura, mais sinzi ninabibona, ariko ubu ntavyo. Ntawe ndondera, kandi nanje sinshaka,…., tusisumbuwane.”

Ibi Delegue akaba abivuze inyuma y’igihe asa nkaho atariko araboneka mu muziki ndundi kuko ataraherutse gushira ahabona akaririmbo na kamwe. Ivyo navyo bikaba vyashitse inyuma yaho aviriye mw’ibohero rya Mpimba aho yari yajanyweyo n’indirimbo yari yararirimvye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775