BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Mu bitegurwa na Dj Paulin, ivy’iboneka rya Meddy i Bujumbura birimwo?

Haraheze imisi icari kiriko kiboneka ku mbuga ngurukanabumenyi zaba Whatsapp co kimwe na Facebook z’abarundi bamwe bamwe baba i Kigali, rwari urupapuro rw’imenyekanisha ry’ikiganiro Dj Paulin azokorana na Lucky umwe mu bamenyeshamakuru bakorera RTV (Rwanda Television) mu kiganiro Versus.

Kuri uyu wa gatatu mu masaha y’ijoro niho ico kiganiro cashirwa ku rubuga rwa Youtube rw’ico kimenyeshamakuru c’igihugu.

Ucugurura iyo Video, ikikwakira n’ukwihenda kwabonetse muri iyo Video aho uwo mu DJ akaba kandi na Nyene ubutambiro Cristal Lounge, bavuze ko aherereye mu gihugu ca Canada.

Ariko hampande aho, muvyo DJ Paulin yashikirije yashimangiye cane ko umuziki w’abanyarwanda ukivuzwa kandi ku rugero rukomeye hano iwacu kandi ukunzwe, aho yanagiriyeko anasaba ko n’aho inyuma ya Kanyaru naho bokora nkuko bakaza bavuza umuziki ndundi cane gusumba.

Muri ico kiyago c’imonota idashika 10, bagarutse ku biriko birategurwa, aho Dj Paulin yavuniye akagohe abanyarwanda ko aho bukera imbibe zisubiye kwuguruka hari ibikorwa biriko birategurwa haba i Burundi canke mu Rwanda bizobahuza, birimwo n’indirimbo za bamwe bamwe.

Ariko hampande y’ivyo yanagarutse kandi ku baririmvyi aho avuga ko abaririmvyi ndundi baticaye, ngo bariko barakora. Yongerako kandi ko ikibuze hano iwacu ari ugushigikirwa kw’uwo muziki haba ku barundi co kimwe no mu nzego zo hejuru nkuko bikorwa mu Rwanda.

Muri ico kiyago cakozwe hakoreshejwe imbuga ngurukanabumenyi, Dj Paulin yatanze umuco ku ndirimbo afitanye na Meddy aho yavuze ko ikibazo cahabaye hakabura amasanamu ari akanya kuko bari bateguye kuyikorera muri Kenya. Paulin yahavuye yongerako ko hampande y’irya ngo bafise iyindi migambi bazokorana Vuba.

Aha mukamenya ko Meddy aho yasiba igiteramo yari yateguriwe i Bujumbura, uwari yamuhamagaye yari Dj Paulin ubwiwe, aho hari n’indirimbo yiwe arikumwena Meddy na Sat-b itahavuye isohoka, kandi yari yitezwe.

Ubwo muvyo bategura [Meddy na Dj Paulin] iboneka rya Meddy i Bujumbura ryoba ririmwo? Reka turindire turabe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775