Burundihomepagekirundi

Ababikoze ngo bariko bararonderwa bashengezwe imbere y’ubutungane

Hamaze imisi hibonekeza abantu bataramenyekana bugurura imbuga zo guhanahanako amakuru bakoresheje amazina y’abategetsi bamwe bamwe b’Uburundi, aho inyuma y’aho umukuru w’igisagara ca Bujumbura amenyeshereje ko ivyo bintu nawe vyamukozeko, abo bantu bakugurura Facebook na Twitter kw’izina ryiwe yamara akamenyesha ko ata mbuga yisangije nk’izo kiretse imbuga zahariwe igisagara ca Bujumbura, ubu naho abo bantu nyene buguruye imbuga zibiri za Facebook bazitirira umushikiranganji Albert Shingiro.

Mw’itangazo ubushikiranganji aramutswa bwaraye bushize ahabona, bumenyesha ko izo mbuga atari iz’umushikiranganji Albert Shingiro ari abantu bamwivye izina mu ntumbero yo kumucafuza, bunamenyesha kandi ko inzego zibifitiye ububasha ziriko zirakora ibishoboka vyose kugira ngo zimenye abo bantu maze zibashengeze imbere y’ubutungane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764