BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Papa Yan na Mama Yan bipfurije isabukuru nziza umuhungu wabo, bariyibagira?

“Isabukuru nziza kuri wewe YAN JASON, nta Vyinshi novuga, gusa Imana ikuzigame muhungu wanje, turagukunda cane! Warakoze Mana kuri aka kaganuke.”  Aya niyo majambo Mama w’imfura ya Yvan Muziki  yashize ku rubuga rwiwe rwa Instagram kw’isabukuru ry’uwo muhungu wabo.

Ubwo butumwa bwakurikiwe n’ubundi butari buke bwo kwipfuriza isabukuru nziza iyo mfura ya Yvan, bwabonetse muri commentaire y’iyo Post. S’abo gusa kuko abandi bashika 30 mu bababa hafi 700 basanzwe bamukurikira kuri urwo rubuga.

Siwe wenyene kuko na se yaragize ico ashikiriza kuri iryo sabukuru ry’uwo muhungu wiwe, aho nawe yanditse ubutumwa ku rubuga rwiwe rwa Instagram mu rurimi rw’icongerezaho nawe yipfuriza isabukuru nziza uwo muhungu wiwe.

 

“ Warakoze Mana ubugira kandi kuri uwu muhezagiro wo kuba umuvyeyi, Ndabizi ko urukundo rwawe ari ubwigobeko bukomeye, murinde umwansi Satani.
Isabukuru nziza muhungu wanje, urabizi ko papa agukunda cane, ndakwipfuriza umunezero kuri ino si. Mfasha tumukeze umuhungu wanje isabukuru nziza y’amavuko.”

Hampande y’ubwo butumwa bwiwe, na bamwe mu  11,000 basanzwe bamukurikira kuri urwo rubuga nabo baragize ico bashikiriza, aho abarenga 1100 bagize Like kuri iyo Post yiwe, abandi nabo bamwipfuriza isabukuru nziza uwo musore muri Commentaire, mbere abandi bo bakaba babona ko uwo muhungu wa Yvan ngo ari mwiza nka se.

Kuri izo mbuga zose yaba papa Yan canke mama Yan akaba ata numwe yigeze aboneka agira ubutumwa arungika uwundi kuri uwo musi ukomeye mu buzima bwabo. Ubwo bishoboka ko wari umunezero mwinshi wabiyete. Ubona ko yaba Yvan yaba umuryango wiwe wose ubarizwa ku mugabane wa buraya aho basanzwe bisumamwo, abana nabo ariho biyungurira ubumenyi.

Nayo Yvan we ibikorwa vy’umuziki bikaba bibandanya kuko inyuma ya Feeling imaze kurabwa n’incuro zirenga 247,000, Kadanse yakoranye na Uncle Austin imaze ukwezi imaze kurabwa incuro 47,000.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775