BurundiHealthhomepagekirundiSanté

Santé : Koronavirisi ngo ntikiri ikiza mu Burundi

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 10 Nyakanga umwaka w’2020, umushikiranganji wo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida, Thaddée Ndikumana yari yaramutse agendera ibitaro bitandukanye biri mu gisagara ca Bujumbura ahari hasanzwe harategekanijwe kuzokwakirirwa abantu bazoba batowe ko banduye umugera wa covid-19.

Muri urwo rugendo yagize ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore hamwe n’ibitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge, umushikiranganji Ndikumana ngo yasanze bamaze ikiringo kingana n’iyinga zibiri ata barwayi ba covid-19 bahari niko kumenyesha ko mu Burundi iyo ngwara itakiri ikiza mu Burundi, aboneraho kandi kumenyesha ko kuva ubu ibibanza vyari vyateguriwe abo barwayi bagiye guhora bavyakiriramwo abarwayi b’izindi ngwara.

Ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, umushikiranganji Ndikumana ngo yasanze abarwayi ba covid-19 mirongo irindwi n’umunani (78) bari bamaze igihe bariko barahavurirwa bompi barasubijwe mu miryango yabo bakomeye neza ndetse n’abandi bagera ku 48 bariko baravurirwa ku bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge nabo nyene baratashe bakomeye neza cane.

Thaddée Ndikumana yaboneyeho gusaba abarongozi b’ibitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge ko bokora ibishoboka vyose kugira ngo abahinga 24 bahora bakurikirana abarwayi ba covid-19 bashobore kurungikwa mu ntara hagati mu gihugu kugira ngo abenegihugu baho nabo baronke kuri ubwo buhinga bwabo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765