East Africa Newshomepagekirundimusic

Tanasha avuga ko ata kidasanzwe Diamond Platnumz yamufashije mu muziki

Tanasha Donna aremeza cane ko yakunze umuririmvyi Nasibu Abdoul Juma benshi bazi nka Diamond, kandi ko atigeze ashaka kuvyaza umusaruro mu muziki ubwo bucuti bwabo nkuko bamwe bavyibaza.

Mu kiyago aheruka gutanga, uwo muvyeyi w’umwana wa 4 wa Diamond, avuga ko yamukunze cane, kandi ko nawe yarabizi kandi akanavyivugira we ubwiwe. Igituma ngo nuko uwo muririmvyi yashobora kuzunguruka mu gahamagazo kiwe ata nkomanzi.

Tanasha yanavuze kandi ko batangura kugendana, ngo we ntiyigeze ashaka ko ubucuti bwabo buja ku mugaragaro canke mu binyamakuru, naho Diamond yahavuye abishira ahabona.

Ku kibazo kijanye n’ugushaka kuvyaza umusaruro ubwo bucuti, Tanasha yishura ko Diamond uretse ko yashize yaterereye agacumu ku bumwe muri urwo rugendo, ngo nta kidasanzwe yakoze, kuko yamusanze yaramaze gutangura ibikorwa vy’umuziki.

Ivyo bikaba bishitse mu gihe Diamond Platnumz amaze igihe kitari gito avanye n’uyu muvyeyi w’umwana wiwe, ubu bikavugwa ko bose ata bakunzi bagira, naho bigoye kwemeza bivanye n’ayo bavugwako.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 757