BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Sat-b buca yubaka inzu irengeye iyapanze 1,000,000 fbu

Ata guhigimanga, Sa-b avuga ko mu misi ya Vuba buca atangura kwubaka inzu irusha agaciro iyo asanzwe abamwo muri kino gihe mu Kibenga, aho avuga ko ayipanze amafaranga angana n’1,000,000.

Mu gihe abaririmvyi batari bake batavuga amafaranga bariha inzu babamwo, canke iyo basanzwe baba canke nimba bapangiwe canke aribo bariha amafaranga y’inzu, Aboubakar Karume benshi bazi nka Sat-b we yayiciye umurya.

1,000,000 w’amafaranga y’amarundi niyo ariha inzu asanzwe abamwo muri  kino gihe muri komune ya Muha, Ivyo uwo muririmvyi akaba aheruka kubiyagira ikinyamakuru co mu Rwanda giheruka kumugendera.

Muri ico kiganiro avuga ko ayo mafaranga ariha ayakura mu muziki ata kandi kazi afise, akavuga ko ayibanamwo na bagenziwe barimwo umwe mu bakurikiranira hagufi umuziki wiwe Kent-p. Aho akaba yanagiriyeko anavuga ko mu gihe bamwe bibaza ko azoca yirukanwa mu nzu kubera avanye na Management barikumwe, ngo yabandanije ayibamwo.

Sat-b kuri Micro yico kinyamakuru akaba yavuze ko vuba gose agiye kwubaka inzu irengeye iyo asanzwe abamwo. 

Sat-b akaba yabishikirije mu gihe abaririmvyi bazwi nk’abafise amazu ari bake cane, hafi bose bakaba babarizwa inyuma y’igihugu, mbere bikanashoboka ko uburyo bwo kwubaka amazu batabashije kubukura mu muziki.

Mwokwibuka ko hakirindiriwe ko Sat-b yitwarira Wanda boy aho avuga ko azomwitwarira kubera indirimbo ziwe yasohoye ata ruhusha amusavye, izo ndirimbo zikaba ari 2, zose akaziha agaciro k’ 100,000,000 z’amarundi.  

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775