Burundihomepagekirundisociete

Umurwi wa mbere w’impunzi z’abarundi bakiriwe bavuye muri Kongo

Umurwi wa mbere w’abarundi bagera ku 287 bakiriwe kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 23 Nyakanga muri zone Gatumba komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura ku rubibe Uburundi buhana n’igihugu ca Republika iharanira intwaro Rusangi ya Kongo.

Abo barundi bahungutse bavuye mw’ikambi y’impunzi y’i Rusenda muri ico gihugu kibanyi ca Kongo.

Faustin Basta Ntibangana, Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ari nabwo bujejwe gutahukana impunzi yabakiriye amenyesha ko baca bataha mu mihana iwabo.

Faustin Basta Ntibangana atera akamo abo bahungutse kwifatanya n’abandi barundi mu bikorwa vy’iterambere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765