Burundihomepagekirundisociete

Abarundi bari bamaze inisi bugaraniwe mu Rwanda batahutse

Kuri uno wa kane, igenekerezo rya 24 Nyakanga 2020, impuzi z’abarundi bangana n’ijana na cumi na babiri bari bugaraniwe mu bisagara bitandukanye vy’igihugu c’Urwanda kubera ikiza ca corona kuva mu kwezi kwa Ntwarante uwu mwaka, binjiye ku rubibe rwa Gasenyi-Nemba mu ntara ya Kirundo babifashijwemwo n’ubuserukizi bw’Uburundi i Kigali mu Rwanda.

Abandi barundi bashika amajana atanu na mirongo itanu ngo nibo bitezwe bavuye mw’ikambi y’i Mahama muri ico gihugu nyene.

Abanyarwanda nabo bashika 55 bakiriwe ku rubibe rwa Gasenyi bavuye mu gisagara ca Bujumbura. Abenshi bakaba bari bamaze hagati y’amezi indwi na munani mu Burundi kubera ikiza ca corona.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765