East Africa NewsAkes DonEntertainmenthomepagekirundiMagic Soldier KingorongoromusicPassport

Diamond muri TETEMA yasubiriye gukora ikosa ryobakozeko

Amwe mu majambo Diamond yaririmvye mu ndirimbo TETEMA iheruka gushirwa ahabona yasabwe ko asubirwamwo kugira yemererwa gushirwa ahabona, ivyo bikaba vyasabwe n’ikigo kijejwe kugenzura ibikorwa vy’abahinga muri Tanzania, BASATA.  

Mu gihe yaheruka guhagarikirwa indirimbo yiwe Mwanza, Rayvanny yahavuye ashira ahabona akaririmbo gashasha bise TETEMA. Iyo hakaba hamenyekanye ikorwa ryayo umusi uwo murwi wemererwa ko uhawe imbabazi n’igisata kigenzura abanyabuhinga n’ubumenyi muri Tanzania, BASATA.

Iyo ndirimbo yahavuye ishikirizwa ico gisata imbere y’igihe kugira bemeze nimba ibereye gushirwa ahabona, canke hari ico bokosora. Uwo muririmvyi ntaco yigeze avuga kw’ikosorwa ryayo uretse ko yahavuye ikorerwa amasanamu ariko akora ibikora inka muri ino misi ku rubuga rwa Youtube muri Kano karere.

Amakuru dukesha ikinyamakuru DIZZIM Online co muri Tanzania nuko ngo yoba yarakosowe akarenga 3, imbere yuko yemererwa ko ishirwa ahabona. Naho biruko umusahirizi, Manager, wa Diamond ararahira akarengwa ko itakosowe kenshi, ahubwo ngo n’akajambo ka Diamond kasabwe ko kokosorwa.

Mwokwibuka ko indirimbo yaheruka guhagarikwa ari iya Diamond, kandi n’amajambo yavuzweko vyinshi n’ico gisata ari amajambo yavuzwe na Diamond nyene.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769