africa newsAkes DonEntertainmenthomepageIndundi Hits ShowskirundimusicPassport

Koffi ari imbere y’ubutungane kubera ugushurashuza 4 mu batamvyi biwe

Inyuma y’imyaka irenga 17, ubufaransa bwatanguye kuburanisha umuririmvyi w’umunyacongo Koffi olomide ku caha c’ugushurashuza bamwe mu bari abatamvyi b’umurwi wiwe bagendana iyo bari mu biteramo. Ico caha gishaka guhanwa kikaba cabaye mu mwaka wa 2002 nkuko amakuru dukesha BBC abishikiriza.

Ico kinyamakuru kivuga ko kuri uyu wa 1 ariho sentare y’agace kitwa Nanterre kari mu burengero bwa Paris ariho yatangura kuburanisha urwo rubanza, naho bitashikirijwe ko uwo muririmvyi yarahari, kuko ngo mu ndwi iheze umushingwamanza w’uyo muririmvyi yabwiye itororokanirizo ry’amakuru AFP ko atazokwemeza ko uwo muririmvyi azoba ahari.

Abo bakobwa bane bamwagiriza bakaba bavuga ko bugaraniwe mu nzu iri inyuma y’igisagara ca Paris,  aho bugananywe n’abagabo batatu. Abo bakaba bavuga ko bahatiwe kurangura ibanga ry’abubatse n’uwo muririmvyi muri iyo nzu, eka ngo baranakubitwa iyo bagerageje kwanka ivyo yaba ariko arabategeka. Abo bakavuga ko aho hari hagati y’umwaka wa 2002 n’umwaka wa 2006 aho babasha kumutoroka bari muri ico gihugu c’Ubufaransa. Ivyo kandi bakongerako ko vyanabereye ku butaka bw’igihugu ca Congo.

Baba abo bakobwa co kimwe n n’abo bagabo ngo ntibabashije gusubira mu gihugu ca Congo kuko batinya ko uwo muririmvyi yohaba abagirira nabi.

Iryo rikaba Atari irya mbere ubutungane bw’ubufaransa ngo buburanisha uwo muririmvyi, kuko mu mwaka wa 2006 yarahanishijwe igihano c’igifungo c’umwaka wose kubera ukutariha amakori. Nayo ubu vuba akaba aronderwa n’igipolisi ca Zambia kubera ugukubita umu Photograph w’umunyarwanda.

Mukibuka ko uwo muririmvyi yirukanywe mu gihugu ca Kenya kubera ugukubita umugere umwe mu batamvyi biwe, akaba yafashwe avuye gukora ikiganiro ku mboneshakure noneho asabwa gusohoka igihugu bidatevye.     

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769