BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Intambara irashobora kwaduka ata gikozwe mu maguru masha

Ata kibaye ngo Intambara irashobora kwaduka imbere yuko umwaka uhera, iyo ntambara nayo ngo ikaba iboneka ko ishobora kwaduka bivuye ku majambo agize imisi ashikirizwa n’aba na bariya ku mbuga ngurukanabumenyi.

Nkuko yabishikirije mu kiganiro yahaye imwe mu mboneshakure za hano iwacu, ngo hari icuka kitari ciza hagati y’abaririmvyi co kimwe n’aba DJ. Ikiboneka co ngo nuko bikiri bishasha ariko ngo ari nka hamwe atacokorwa ngo mu mwanya muto umucanwa urashobora kwaka.

Dj Prince muri ico kiganiro na Hosy irakoze, yavuze ko yaba abaririmvyi co kimwe n’abamenyeshamakuru ngo nta numwe muribo ari mukuri, kandi ngo nta n’uwuri mw’ikosa muvyo buri umwe wese yagiriza mugenziwe.

Aha akaba kandi yatanze akarorero ko bidahindutse ngo mu misi muzumva umwe [umufana canke umuririmvyi] mu bagize umugwi kanaka yakubise umu Dj wo mu mugwi uyu canke uriya.

Muri ico kiganiro nyene akaba yaranahatanze umuti, aho abona ko uno musi umuti w’ikibazo gihari ari ukwicarana kw’abaririmvyi, abamenyeshamakuru n’aba Dj kugira bigire hamwe ikibazo ngo niho ibintu bizoheza bikagenda neza.

Aha mukamenya ko n’abandi baririmvyi batari bake mu biganiro bagize igihe batanga bavuga ko umuti ari ukwicara hamwe bakigira hamwe ico kibazo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775