BurundiBusinessCutekirundi

#Tanzania Ports Authority : Abagwizatunga b’abarundi bagiye kuharonkera akunguko

Iryavuzwe riratashe, inyuma yaho umukuru w’Igihu c’Uburundi Evaliste Ndayishimiye agendeye mugenziwe  John Pombe Magufuli mu  gihugu kibanyi Tanzania, bimwe muvyapfunditswe vyatanguye  gushirwa mu ngiro.

 

Kuri ruyu wa gatanu igenekerezo rya 23 gitugutu niho hari haramutswe hatanguzwa icese ibikorwa vy’ikivuko ca Dar-Es-Salama mu Burundi (TPA) ,Tanzania Ports Authority mu mpfunya mpfunyo.

Ibirori bikaba vyari vyatewe iteka n’abashikiranganji b’ubudandaji b’igihugu vy’Uburundi na Tanzania hamwe n’abagwizatunga batandukanye.
Ikigo TPA cuguruwe cese kikaba kibarizwa  kw’ibarabara ryitiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore  inomero 54 hamapande y’ibanki CRDB .

Ibirori nyezina bikaba vyabandanirije kw’ihoteri Royal Palace aho abo banyacubahiro batandukanye bafashe amajambo.


Mw’ijambo ryiwe umuyobozi wa TPA yashimiye abari bitavye ivyo birori na cane cane abashikiranganji b’ibihugu vyompi.

Nayo mw’ijambo ry’uwari yaserukiye abagwizatunga , Eric Ntangaro arongoye ishirahamwe ATIB( Association des Transporteurs International Burundais) rihuza abadandaza bacisha ibidandazwa mw’ibarabara , mu mazi no mu kirere, yashimye utwigoro twa Leta ya Tanzania mu kworohereza abadandaza, yongera asaba ko borushirizaho mu kubaremururira umuzigo w’amafaranga barihishwa iyo bagiye gukorera muri ico gihugu( Work Permit), n’ibindi vyotuma biyumva ko ari ababanyi beza koko.

Mw’ijambo ryiwe Umushikiranganji w’Ubundandaji Umupfasoni Immaculée Ndabaneze yashimiye mugenziwe w’igihugu ca Tanzania yaje gushitsa ivyo abakuru b’ibihigu bemeranije ,yongera yibutsa ko ibikorwa nkivyo bigiye gukomezwa , akaba yatanze akarorero k’ibarabara ry’indarayi rizohuza ibihugu vyompi rigaca i Kigoma – Musongati -Gitega – Bujumbura rigana mu gihugu kibanyi ca Congo.

Umushikiranganji w’ubudandaji mu gihugu ca Tanzania, yashimye umubano ivyo bihugu bifitaniye ,akaba yasezeraniye abagwizatunga ko Leta ya Tanzania igiye gukora ibishoboka vyose mu gukemura ivyo bibazo bikihari  nk’abavukanyi.
Ivyo birori bikaba vyasozewe no gushira  umukono ku masezerano yemejwe ku mpande  z’ivyo bihugu vyompi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 501