East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusicpoliticsPolitique

Tanzania | Mwana FA na Professor Jay babisikanije mu gitigiri c’abashingamateka

Mu gihe ibiharuro vyavuye mu matora bibandanya gutangazwa biva mu turere dutandukanye tugize igihugu ca Tanzania, mu bimaze kumenyekana vyerekana ko umugambwe uri ku butegetsi  CCM uza imbere mu biharuro, haba mu matora y’umukuru w’igihugu co kimwe n’amatora y’abashingamateka.

Mu bashingamateka, Professor Jay yaramaze imyaka 5 ari umushingamateka mu mugwi w’abaserukiye umugambwe  CHADEMA utavuga rumwe n’ubutegetsi  yaratsinzwe n’uwo bari bahanganye mu gace bitojemwo.

Muri ico gihe nyene Mwana FA nawe yari yaserukiye umugambwe CCM uri ku butegetsi mu matora y’abashingamateka yatsinze uwo bari bahanganye ava mu mugambwe utavuga rumwe na Leta ya Na Tanzania, CHADEMA.

Aha iwacu hakaba hari bamwe mu baririmvyi bigeze nabo kugerageza kwinjira mu bashingamateka, ariko ico gihe bikaba bitakunze. Uwo akaba ari Kidum hakaba hari mu mwaka wa 2005 aho yari mu gitigiri c’abitoza ku ruhande rw’umugambwe FRODEBU, ariko gushika ubu akaba ata wundi arasubira kugerageza.

Aha mukamenya ko nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru BBC abivuga, ngo kuva ku musi wa kabiri abenegihugu ntibiborohera gukoresha imbuga hwaniro (Social Media) nka Instagram, Youtube, Twitter, Whatsapp co kimwe n’imbuga zimwe zimwe za Google. Abo bikundira n’abasanzwe bakoresha VPN.

Aha mukamenya ko ivyo bikunze kuba mu bihugu bitandukanye muri Afrika iyo habaye matora, kuko ubutegetsi buba budashaka ko hagira abatanga ibiharuro biba vyavuye mu matora mu gihe umugwi ujejwe amatora uba utaratangaza ivyayavuyemwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769