BurundiBusinessCutehomepagekirundi

Breaking news : Ikibuga c’indege Melchior Ndadaye buca gisubira kwugururwa

Ikibuga c’indege mpuzamakungu c’i Bujumbura citiriwe umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye ngo kigiye gusubira kwugururwa.

Nk’uko bishikirizwa na Prosper Ntahorwamiye, umunyamabanga mukuru akongera akaba umuvugizi wa Reta y’Uburundi, ico kibuga ngo bitegekanijwe ko cugururwa ku musi w’Imana uza, igenekerezo rya 8 Munyonyo 2020.

Ivyo bibaye inyuma y’aho umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano, Gervais Ndirakobuca be n’umurwi arongoye bamenyeshereje ko ivya ngombwa vyose bikwiye kugira ngo ico kibuga gisubire gukora ukuri kwamye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765