Umumenyerezi Diego Maradona ngo abarizwa mu bitari nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru Goal abishikiriza.
Uwo mumenyereza w’umunya Bresil kandi akaba umwe mu bakinyi bakoze ibikora inka muri kahise mu mukino w’umupira w’amaguru, ngo ari mu bitaro kubera ingwara y’ugukama amaraso, Annemie, S’ico gusa kuko uwo mumenyereza ngo asanzwe afise ikibazo c’amagufa.
Maradona aheruka gukwiza imyaka 60 y’amavuko ngo anafise kandi ikibazo kijanye n’uguhahamuka kubera ukuguma mu nzu yategetswe bivuye ku kiza ca Corona Virus, ivyo bikaba vyamutegetswe kuko ari mu rugeo rw’abantu bicwa cane n’iyo ngwara kw’isi.