BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Miss Erica yashirwa mu gitigiri c’abaryamana basangiye ibitsina

Miss Erica ngo ntiyakuze neza na gato, ariko yakuze bamutunga agatoke bamubwira ko agwaye, ariko Imana yarakinze ngo yasanze we atagwaye nk’umuvyeyi wiwe.

Mu kiyago na Bukimoon Tv, uwo muririmvyikazi yavuze ko kuva akiri muto yamye ata ncuti z’abakobwa agira, ngo yakuze afise ingeso z’abahungu. Abenshi ngo bamushira mu gitigiri ca b’abakobwa bigira abahungu.

Miss Erica nkuko yabandanije abiyagira iyo mboneshakure ngo kuva akiri muto umuvyeyi wiwe yitavye Imana mu mwaka wa 2010 niwe yamye ari umuhanuzi wiwe. Ni nawe yamubaye hafi amwereka ko ategerezwa kubanza kwiga imbere yuko yinjira muvy’umuziki.

Mu rukurikirane rw’ibiganiro bakoranye ruboneka ku rubuga rwa Youtube rw’iyo mboneshakure, Miss Erica agaruka agaruka kuri Kent-p, kuri Sal-g no kuri Kamenuza yipfuza kubandanya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775