BurundiBusinessCuteEconomyhomepagekirundi

Ikibuga c’indege Melchior Ndadaye casubiye kwugururwa

Ikibuga c’indege Melchior Ndadaye c’i Bujumbura casubiye kwugururwa icese inyuma y’amezi hafi umunani yari aheze cugawe kubera ikiza ca Coronavirus. Abantu bagera kuri 50 binjiye mu Burundi igihe c’isaha zibiri z’igitondo bazanywe n’indege y’ishirahamwe Kenya Airways kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 9 Munyonyo 2020.

Umuyobozi w’ico kibuga c’indege avuga ko biteguye bikwiye mu gupima ko ataboba bafise umugera wa Corona. Emmanuel Habimana amenyesha kandi ko abo bashitse baca bajanwa mu mahoteri aho bazokurikiranwa imbere y’uko bashika mu miryango yabo.

Muri abo baje hariho abavuga ko bagize ikibazo co kuriha amadorari 30 asabwa kugira umunyagihugu w’umurundi yinjiye apimwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 767