BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Big Fizzo ngo niwe azokorana na Olga ubwa mbere

Mu gihe abarizwa mu gihugu haraheze igihe kitari gito, Olga ngo hari ibikorwa bishasha ariko arategura gushira ahabona, imbere yuko yinjira mu bijanye n’ugukorana n’abandi barririmvyi,Ivyo n’ivyo aheruka gushikiriza mu kiganiro aheruka gutanga.

Ntaganzwa yatanze umuco ku bikorwa ariko arakora muri kino gihe aho avuga ko ariko ashaka kubanza gukorera amasanamu indirimbo yiwe imaze amezi makeya ishizwe ahabona. Iyo nayo ikaba ari ” Show Me” ibarizwa ku rubuga rwa Youtube rw’uwo mwigeme.

Muri ico kiganiro nyene Olga yavuze kuva na Kera yamye akunda cane umuririmvyi Big Fizzo, ari naho hahavuye hava ikibazo c’ugukorana n’abandi, aho yishuye ko ata mugambi wihuta wo gukorana n’abandi baririmvyi indirimbo, ahubwo ngo bizoza inyuma yaho abanjirije gukora ukwiwe.

Naho avuga ko hataragera, Uwo muririmvyikazi yavuze ko umuririmvyi bazotangura gukorana ari nka hamwe bigiye mu Buryo ngo ari Big Fizzo ubwiwe, ubona ko asanzwe ari n’umufana wiwe.

Aha mukamenya ko Olga yaramaze imyaka 5 i Kigali aho yari yajanye n’ukurondera ubuzima biciye mu gukorana n’imigwi iririmba mu manza zitandukanye mbere no mu tubare ico bakunze kwita Karaoke.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775