Burundihomepagekirundisecurity

Abamotari batanguye kurabishwa rugagamisha, n’ibihano ku muryango

I moto ni bumwe mu buryo bwo kwiyunguruza bukoreshwa cane mu bisagara bitandukanye bigize igihugu cacu. Baba abagendesha canke abatwara kuri Moto, bikaba biboneka ko batitaho cane ivy’ugukurikiza amategeko, birimwo kugenda barenga 2 canke kwambara inkofero zo kwirinda (Casque).

Kugira bakeburwe mu ntumbero yo gukinga amasanganya ashobora gushika, igipolisi kimenyesha ko kigiye kuza kirakurikirane abamotari batwara Moto batambaye casque canke abatwara abarenze 1.

Emile Manisha ajejwe isuzumwa n’inyigisho zijanye no kugendesha ivyuma mu mabarabara yabwiye BBC dukesha ino nkuru ko ivyo babwiye aba Motari kuri uyu wa kane w’indwi twaraye turangije, kwari nko kubakebura.

N’abatwara ishirahamwe ry’abamotari AMOTABU,nabo barashigikiye ko hakurikizwa amategeko, kuko nabo badahengeshanya gukebura abo barongoye kuko hampande y’ibihano,ngo abamotari bari bakwiye kubona ko hari ibibazo biboneka ku gutwara abantu barenga umwe. Akarorero agatanga assurance y’i moto ko ari iy’umuntu umwe,bisigura ko ugize isanganya ufise 2, muri ico gihe uca utamba wirorera.

Aha mukamenya ko ibihugu bimwe bimwe duhana imbibe nk’Urwanda, biri muvyamaze gutera iyo ntambwe aho vyibonekeza gake abagenda barenga 2 ku moto, co kimwe no kutambara inkofero yo kwikingira. Ariko kandi hari n’ibindi duherereye mu karere kamwe navyo bigikwega amaguru kuri ico kibazo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764