BurundiEducationhomepagekirundi

Izi nizo mvo ngo zatumye batakirwa muri kaminuza y’Uburundi

Abanyeshure 455 bahejeje amashure yisumbuye, bamenye ikibazo ca Reta c’umwaka w’ishure w’2018 ushira uw’2019 kibaha uburenganzira bwo kuja muri kaminuza, ngo ntibakiriwe muri kaminuza y’Uburundi.

Mw’itangazo ubuyobozi bw’iyo kaminuza bwashize ahabona mu ndwi iheze, basigura ko ari ku mvo z’ubushobozi buke bw’iyo kaminuza ku bijanye n’ibibanza hamwe n’uko ibisata bakurikiranye mu mashure yisumbuye ata bihari muri iyo kaminuza.

François Havyarimana ayirongoye avuga ko bamwe muri abo banyeshure bashizwe mw’ishure Nderabigisha ENS, abandi ngo barashobora kwakirwa mu makaminuza y’abigenga.

   

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764