BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Amafaranga Mt Number one yarishe Sat-b yoba ariyo yakoze amasanamu ya Karabarya

Indirimbo ya Sat-b Karabarya ngo yoba yaherahejwe n’amafaranga umuririmvyi Mt Number one yamuhaye ngo bakorane, Ivyo bikaba biheruka gushikirizwa n’uwahoze ari manager wiwe, Wanda Boy.

Mu kiganiro yagiranye n’imwe mu mboneshakure ya hano iwacu, uwo muririmvyi akaba n’umusahirizi w’abaririmvyi batari bake, Wanda Boy, avuga ko Sat-b yamujuragije akanka kwishura ibibazo bijanye n’igiteramo ca Meddy yari yashizwe kuri Affiche, ashaka ko abanza kumurihira amafaranga yarasigaye ngo baje muri Uganda gukora amasanamu y’indirimbo Karabarya, noneho ngo aheze ace amuta mw’ibarabara nawe yamaze guhomba.

Ariko ngo kuko nawe ari umwana wo mu gisagara ngo yabibonye imbere y’igihe aca abanza kuvyanka, aho ngo hari mu gihe bishushe ivy’ico giteramo. Wanda avuga ko yaba uko amasezerano ameze, canke uko amafaranga yahawe anganango nta na kimwe yigeze ashaka kumubwira imbere, aho ni mu gihe ngo bategerezwa kugabura 2.

Wanda muri ico kiganiro na Bujumbura Tv, avuga ko Mt Number one ico gihe ngo yaciye ariha amafaranga Sat-b, gutyo ngo aca amutera akagere aja muri Uganda aheraheza iyo ndirimbo.

Wanda Boy avuga ko ugukorana na Mt Number kwa Sat-b ngo yarabizi kuva kera, ariko ngo ntiyigeze ahabwa ikibanza kugira abashekugira ico aterera, ariko yaguma abona ibintu vyakozwe, ariko atamenye uko vyagenze.

Kuba Sat-b ngo yarakoze indirimbo ya Karabarya ariko batabanje guhuriza kuvyo bategerezwa gukora, Wanda nawe ngo nico gituma yashimye  gufata iyo bokoranye na Meddy.

Mwomenya ko Sat-b aheruka gusaba abakunzi b’umuziki ndundi kwiyamiriza Wanda Boy, anavunira akagohe umuririmvyi mushasha ngo bashobora gukoresha muri iyo ndirimbo ngo ataho izoshika kuko imaze gufatirwa Copyright na Empire avenue.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775