BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Kirikou ngo Big Fizzo aharanira inyungu za buri muririmvyi wese w’Umurundi

Big Fizzo kumusubiriza ngo ntibizoroha, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Kirikou Akili akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook.

Muri ubwo butumwa yashikirije kuri urwo rubuga, yamenyesheje ko Big Fizzo ingwano agwana atironderera wenyene, ahubwo ngo aronderera iterambere rya buri muririmvyi w’Umurundi wese.

Muri ubwo butumwa nyene, uwo muririmvyi abarizwa muri bantu Bwoy, label ya Big Fizzo ubwiwe, avuga ko naho hari abahava bamufata nk’ikijuju ngo aremera ko abantu benshi bemera ico umuntu yaramaze canke yarashoboye aruko atakiri muzima. Muri ico gitigiri c’abo bantu rero we ngo ntarimwo, we yipfuza kumutera amashurwe akiri muzima.

Kirikou yagize ati : “Bizotugora cane mu Burundi kuronka uwundi muririmvyi nkawe,  uri icirore ca benshi. Ndafse impamvu nyinshi zokwemeza ko Intambara nyinshi ugwana, mur’uyu muziki Atari kubwo guharanira iterambere ryawe wenyene! Uharanira iterambere rya buri muririmvyi wese w’Umurundi. Birashoboka ko harabaza kumbona nk’ikijuju! Ariko maze gutahura ko benshi muri twebwe  twemera ico umuntu yarashoboye, yaramaze atagihari. Respect, Respect! Respect ! Respect! General @bigfizzo.”

Aha mukamenya ko Kirikou ari musi y’uburongozi bwa Big Fizzo haba mu vy’umuziki canke mu buzima busanzwe, kuko afise ibintu amufasha. Aha mukamenya ko Kirikou akomoka I Ngozi, kandi amanuka I Bujumbura, uwari yamuhamagaye ntaco yamufashije cane, ahubwo yaramutereranye, noneho ahabona Big Fizzo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775