BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Preeze 36 yajanye n’umuryango kwunamira umuvyeyi wiwe “Nahigejeje Wenga Emile”

Preeze 36 uno musi niho yaja kwunamira umuvyeyi wiwe yabuze atanga, nkuko amashusho yabashije gusangiza abamukurikirana ku rubuga rwa Whatsapp  amwerekana ari ku ntatemwa y’uwo muvyeyi.

Ico gikorwa kikaba gikozwe mu gihe uwo muvyeyi amaze amezi 6 ashengeye,  akaba yazize ingwara nkuko amakuru dukesha umuryango yabimenyesha ico gihe.

Mu majambo yasangije abo bamukurikirana, uwo mwanditsi w’indirimbo zitandukanye zikunzwe hano iwacu, yanditse ko amajambo uwo muhisi yamye amubwira ngo nubu akiyumva kandi akiyazirikana.

“Ijambo wahora umbwira, nubu uhejeje kurisubiramwo ntugire ikibazo ndarifise ku mutima, keep Resting Dear Father.”

Mwomenya ko uwo muvyeyi “Nahigejeje Wenga Emile” yitavye Imana igenekerezo rya 28/5/2020, akaba yagiye inyuma y’imyaka 62 yaramaze ahema impwemu z’abazima. Muri ubwo buzima yaronsemwo umuryango uteri muto, yanawukozemwo ibikorwa bitari bike birimwo gushigikira abaririmvyi, co kimwe n’ugukorera Leta y’Uburundi mu bisata bitandukanye vy’ubuzima  bw’igihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775