East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusic

Diamond yagavye Tsh 100,000,000 ayaha aba Motard 1000

Nasibu Abdoul Juma benshi bazi nka Diamond Platnumz yaraye yinjirije 100,000,000 z’amafaranga yo muri Tanzania aba Motard 1000 yaguriye igitoro ama litiro 10 y’ubuntu.

Ico gikorwa ciza cakozwe mu gace kari hagati mu gihugu uwo muririmvyi yaragiye kwugururamwo Antenne y’insamirizi Wasafi Fm, asanzwe ariwe murongozi wayo.

Mu kiganiro abo batwara izo Moto batanze, bamenyesheje ko kuba uwo muririmvyi yabagabiye ama litiro 10, ngo bisa nkaho yabagabiye amafaranga 100,000 tsh, kuko ayo mahera bayaronka babashije gukoresha ama litiro 10.

Uwo muririmvyi muri ico kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru yamenyesheje ko ico ari ikintu gito ashima gukora, kuko abo nyene bari mu bamushigikira mu muziki, bikamutera kwinjiza amafaranga muri uwo muziki.

Uwo muririmvyi yavuze ko muri kahise yigeze nawe kudandaza igitoro kuri Station, arico gituma bitamugoye gutanga igitoro.

Aha mukamenya ko n’abandi baririmvyi bagenziwe bari bajanye kwugurura iyo nsamirizi barimwo GIGI MONEY bamufashije gutanga ico gitoro kuri iyo Station ya SASAGI OIL.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769