BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

B face ati:”Iyizokurikira Number Moja, niyo nakoranye na Tom Close”

B Face avuga ko abakunzi b’ibikorwa vyiwe bokwihangana atotanga urutonde rw’ivyo azoshikako uno mwaka wa 2019, ariko boza baramenya igikorwa aruko kibonetse, ariko iyo yipfuza ko izokurikira ngo n’iyo yakoranye n’umunyarwanda Tom Close.     

Muri kino gihe B Face ngo nta mugambi w’ugusubira kurondera abandi bamusahiriza mu kazi k’ukuririmba kuko n’abo bakoranye ngo ntaco bamumariye, kuko ivyo bumvikanye ntavyo babashije kumukorera. Ivyo bikaba biheruka gushikirizwa na B face ubwiwe mu kiganiro aheruka guha mugenziwacu akorera imboneshakure ikorera ku rubuga rwa Youtube.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi avuga ko abo basahirizi bafise ukuntu bahagarika abaririmvyi bagatuma ibikorwa uko baba bavyipfuza atariko biheza ngo bisohoka. Aho akavuga ko we kubwiwe ngo ibikorwa biriko bigenda neza, afashijwe n’umurwi bagize igihe bakorana.

B Face muri ico kiganiro yagiranye na DJ Fanny avuga ko atariko asobanura ko abasahirizi ataco bamaze, ariko ngo murivyo harimwo ikintu kiba gifise inguvu gusumba ikindi. B Face akabona ko kugira umuntu akore ibintu bitumbereye ngo yobanza akiha umwanya, ariko kitabuza ko uronse abo mubihurizako utobikora.

Abajijwe imigambi ya 2019, B Face avuga ko ari myinshi, ariko ngo ntiyokwemera ubuki ategeka, abakunzi b’ibikorwa vyiwe nibarindire uko bizoza birangeda, kuko atazi uko Imana yamuteguriye Ibiri imbere. Ariko akaba yemera ko indirimbo izokurikira Number Moja ari iyo bakoranye n’umunyarwanda Tom Close.   

Mwokwibuka ko B face yigeze kuririmba indirimbo benshi bavuze ko yoba yatutse abaririmvyi nyarwanda, aho yabashize mu Rwanda avuga ko Rap ndundi irusha iy’aho muri ico gihugu kibanyi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775