BurundiÉnergieEntertainmenthomepagekirundiUncategorized

Kabizi nawe yatewe n’abagizi ba nabi  nka Kigingi

Uwundi yatewe n’abagizi ba nabi ni Kabizi l’eau Comedien, uwo nawe akaba yashikiriwe n’akaranda kariko kagwa ku vyamamare vy’abarundi basanzwe bafise imbuga ngurukanabumenyi zikurikiranwa cane.

Kabizi akaba ashikiriwe mu gihe Kigingi nawe agize imisi akababaro ari kenshi ko hari abantu bamuteye ku rubuga rwa facebook. Aba bakaba bashira mu kibanza ca Storie amashusho y’abakobwa baba bambaye uduhuzu two musi, ariko bafise inyifato itabereye.

Ku rubuga rwa Kabizi co kimwe n’Urwa Kigingi hakaba hagize imisi hakurakuranwa amashusho y’abo bigeme, bose [ Kigingi na Kabizi ] bemeza ko baba batazi uko yagiyeko. Ikindi bamenyesha ko nuko izo mbuga zatewe muri Storie gusa, ama Post adashirwako ikintu na kimwe.

Abantu babashije kugira ico bashikiriza ku nkuru nkiyi twaheruka kwandika, bakaba bamenyesheje ko ari kubera ama Link y’ama Spam baheza bakugurura noneho imbuga zabo zikaba zirafashwe. Kigingi we mu kiganiro yagiranye Siren Vibe yamenyesheje ko abantu bamukoreye ivyo banavuganye.

Izo mbuga zimaze guterwa zikaba ziri mu mbuga zisanzwe zikurikiranwa cane, kuko Nka kigingi akurikiranwa n’abarenga 120,000, nayo Kabizi akaba nawe ageze ku barenga 44,000.

Aha mukamenya ko abamaze kuboneka ko batewe ari abasanzwe bakora umwuga wo gutwenza abantu [Humuriste], ariko abandi bo bikaba biboneka ko ibitera bitabashitseko.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 799