Diasporadiaspora eventsdiaspora promotedfashion&stylehomepagekirundi

Dusenge Ketty Ange yasubiriye gutera iteka Uburundi mugihugu c’Uburusiya

Mw’ihiganwa Afro Awards ribera mugihugu c’Uburusiya harabonetse kandi agashimwe gatahukana Umwigeme w’Umurundikazi aho yari yahiganwe mu muce wiswe (Fashion Designer of The Year).

Kuri uyu wa 03 KIGARAMA 2020 yanditse ubutumwa aho yashikirije amashimwe n’Umunezero wiwe mugushimira abagize uruhara mukumutora.

Mubutumwa bugufi yanditse aho yagize ati:

“Nitwa DUSENGE Ketty-Ange, ndi umunyamuderi w’umurundikazi ,nkaba nserukira  brand y’impuzu yitwa KETANGE DESIGN.”

“Nashaka nshimire abantu bose banshigikiye, mu gutora KETANGE DESIGN mw’ihiganwa ryari ryateguwe na Afro awards2020 mu gisagara ca Moscou igenekerezo rya 28/11/2020.

Naratewe iteka ryo gutahukana intsinzi nk’umunyamuderi w’umwaka (styliste de l’année).

Mwarakoze kumfata mu mugongo, IMANA ibahezagire cane.”

Mwomenya ko ako gashimwe kagize gatatu aho kiyongereye kuri tubiri yaramaze gutahukana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760