BurundiÉnergieEntertainmenthomepagekirundimusic

Ukwihanganira Meddy kwa Sat-b ngo kwari kwageze kw’iherezo  

Sat-b ngo ukwihanganira Meddy kwari kwageze kw’iherezo, ahitamwo gushira ahabona indirimbo Beautiful yakoranye nawe haraheze imyaka 2. 

Mu kiganiro yagiranye na Emmy akorera ikinyamakuru Igihe co mu gihugu kibanyi c’Urwanda, yamenyesheje ko afise umubabaro udasanzwe kuba atabashije kuronka akaryo ko gukorana amasanamu y’iyo ndirimbo na Meddy.

Intandaro y’ukudakora ayo masanamu ngo ntivyavuye kuri Sat-b ubwiwe, ariko ngo ni Meddy kuko we ngo ariwe yagumye abura akanya, Sat-b nawe aca bugufi aguma arindiriye ko uwo muririmvyi abasha kuronka akanya, ariko ngo ntivyigeze bishika.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi yamenyesheje ko ata gashavu amufitiye, kuko we ico yategerezwa gukora ari ukwemera gukorana nawe, nawe akaba yaravyemeye. Ariko kandi nkuko iyo nkuru ibishikiriza, Meddy ngo ntiyigeze amufasha kumenyekanisha iyo ndirimbo, nahone ngo nta mutima mubi yabibonyemwo, kuko Meddy n’umuntu mwiza.

Sat-b muri ico kiganiro kandi yamenyesheje ko afise umugambi wo gushika kure atawe abanje gusaba ngo amushigikire nkuko bamwe n’abandi mu baririmvyi bakomakomeye babashije kubikora.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775