BurundiÉnergieEntertainmentgroups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundimusic

Big Fizzo ngo ntashaka Collabo yoba nk’iya Sat-b na Meddy canke iya Natacha na Fally Ipupa

 

Ku bagize igihe babaza impamvu Big Fizzo adakorana ama Collabo n’ibihangange mu muziki mu karere, yatanze umuco. Kubwiwe ngo ntashaka gutakaza amahera, umwanya n’inguvu ngo akorane n’umuntu atazomufasha kumenyekanisha indirimbo bakoranye.

Kubwa Big Fizzo ngo nta wudashaka gutera imbere, ariko gukorana n’abakomeye bisaba ko uba ufise intumbero, kandi harimwo n’umwumvikana udasanzwe kugira iyo ndirimbo imenyekanishwe ku mpande zose.

Big Fizzo akaba yatanze uturorero ko hari abaririmvyi ba hano iwacu indirimbo bakoranye n’abanyamahanga bakomeye, ariko ataco vyabaviriyemwo.

“Ama Collabo ndayakeneye kandi cane gose mu kwagura umuziki ndundi, mugabo rero, vyose ni buhoro s’ukujana narwo. Kuko hari umuntu mushobora gukorana nawe collabo, ugaca usanga  ku mbuga ziwe atayishizeko, None akamaro n’akahe ko gukorana? Hariho abaririmvyi b’aha iwacu, bakoranye ama Collabo n’abantu bo hanze, ariko ugiye kuri Instagram y’uwo muntu, usanga iyo ndirimbo atariko ayimenyekanisha, kandi wataye amafaranga wataye inguvu.” Uwo ni Big Fizzo kuri Micro za Juste Gael.

Big Fizzo muri ico kiganiro Umukubito dukesha ino nkuru yavuze ko we ico aba ariko arondera n’uko akora indirimbo izoronka ukumenyekanishwa impande zose, haba iwe co kimwe no kuwo baba bakoranye.

“ Igihe jewe nshaka gukora iyo Collabo, mba nshaka ku Making sure yuko iyo Collabo nawe azoyimenyekanisha, bibe mu mwumvikana. Kuko ukoze indirimbo juste uko gusa, hama urya muntu ntayimenyekanishe, we ntaho izogushikana.”

Mwomenya ko Izo ndirimbo zitakorewe Promotion harimwo ari iyo Natacha yakoranye na Fally itigeze iboneka ahantu na hamwe imenyekanishwa na Fally ubwiwe. S’uwo gusa kuko indirimbo Sat-b yakoranye na Meddy mu mwaka wa 2018, ariko iza gusohoka mu mwaka wa 2020 muri EP Romantic Sound ya Sat-b, itigeze iboneka ku rubuga ngurukanabumenyi na rumwe rwa Meddy.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 776