BurundiDevelopmentÉnergiegroups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundi

Ubumwe bwa buraya bwaraye bushikirije ibarabara ry’igihugu inomero 4

Kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 16 Kigarama 2020 niho ibarabara rihuza rond point Chanic-Gatumba- Frontière RDC ryaraye ryuguruwe icese .

Ibirori vyo kwugurura icese iryo barabara bikaba vyari vyatewe iteka n’umukuru w’igihugu , nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye, umushikiranganji ajejwe inyubako n’uburarom Déogratias Nsanganiyumwami hamwe na Claude Bochu , uwuserukira ubumwe bwa buraya mu Burundi n’abandi.

Kuva bitangujwe muri uyu mwaka w’2020 mu ntumbero y’umugambi w’ibihugu bihurikiye mu muryango w’ibiyaga binini CEPGL, ibikorwa vyo gusanura iryo barabara bikaba vyatwaye amafaranga angana n’imiriyaridi 25 z’amafaranga y’amarundi mu kiringo c’imyaka itatu ryamaze ryubakwa.

Mw’ijambo ryiwe, uwuserukira ubumwe bwa buraya mu Burundi yagize ati : “Iri barabara rije ryiyongera kuzindi nyubako yabaye zitari nke zafashwe mu mugongo n’ubumwe bwa buraya mu Burundi. Mu kiringo c’imyaka 15 , ubumwe bwa buraya bwakoresheje mu bijanye n’iyubakwa ry’amabarabara amafaranga angana n’imiriyoni 200 z’amanyaburaya , angana n’imiriyaridi 440 z’amafaranga y’amarundi mu gusanura no kwubaka ibirometero 700 vy’amabarabara .”

Claude Bochu akaba yongeye amenyesha ko isanurwa ry’ibarabara RN4 ari akarorero keza kerekana ubucuti buri hagati y’Uburundi n’ubumwe bwa buraya, kandi ngo iyubakwa n’isanurwa ry’ibarabara RN4 hamwe n’ikiraro c’urubibe ruhuza Uburundi n’igihugu kibanyi ca RDC riza ryorohereza urudanzwa hagati y’ibi bihugu vyompi aho ruboneka ko ari ngirakamaro ku butunzi bw’igihugu cacu.

Icibutso cerekana ivyo bikorwa kikaba cerekanywe mu ntumbero yo gusozera ivyo birori.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769