groups-membership-request-accepted-by-adminHealthhomepagekirundiSantéWorld News

Breaking news: Perezida w’Ubufaransa yafashwe na Covid-19

Kuri uwu wa kane igenekerezo rya 17 Kigarama 2020 , neza na neza mu mango y’isaha zitanu , ingoro y’igihugu c’ubufaransa Elysée niho yamenyesha isi yose ko umukuru w’igihugu Emmanuel Macron ahejeje gutorwako Covid-19.

Emmanuel Macron yari amaze iminsi mu manama n’icegera ciwe cambere Jean Castex baciye bajanwa ukwabo nubwo ico cegera ciwe kitarerekana ibimenyetso vya mbere vya Coronavirus .

Emmanuel Macron akaba nawe yinjiye ku rutonde rw’abakuru b’ibihugu bagiye bandura ico kiza.

Mw’itangazo rya Elysée riramenyesha ko azobandanya arangura ibikorwa vyiwe nk’umukuru w’igihugu ariko ingendo ziwe yari afise ziciye zihagarikwa .

Umukuru w’igihugu c’ubufaransa akaba yanduye ico kiza mu gihe hari haheruka kwigwa ubuhinga bwo guha incanco zo kwikingira Coronavirus abanyagihugu.

Ikiza ca corona kikigisibije mu guhitana abantu benshi kw’isi kikaba kimaze gutorerwa incanco n’ibihugu bimwe bimwe ,ibindi bikaba biriko birazirondera.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756