BurundiDiasporaÉnergiegroups-membership-request-accepted-by-adminkirundi

#Diaspora|NCDP: Ahahoze kigoyi habarizwa umwimbu w’umusesekara

Avuye mu mahanga iyo yari yagiye kurahura ubumenyi, Alphonse Nahimana yasanze ku gatumba iwabo batakirima ngo bimburire mu bigega uko vyahora kera, ikitohabazwa naco kikaba cari igitungwa.

Abenshi mu gihugu c’Uburundi mu kuja kw’ishuri abavyeyi babo bagurisha ibitungwa ivyo navyo bigateba bikahahonera, bikaba bibabaje binateye isoni iyo bahejeje amashuri bagaheza bakigumira i burayi bakibagira kugaruka gusanura ivyasambutse mu gihe biga.

Alphonse Niragira we siko vyagenze. Amaze kwegeranya izo mpapuro z’umutsindo i Toronto muri Canada yaciye asubiza amaso inyuma yiyumvira Ubwamwibarutse na cane cane i Muramvya iyo yataye uruzogi, amaze kuhashika yasanze ahahora igitoke hasigaye urwiri, nayo ahatavuzwe n’ahahoze ibitungwa hatuma ibihori.

Ati: “Sije nohahera hohere iryo shamba”. Araheza ahatera ikidima aharima kijambere, arorora n’amahanga arataha, agirako yigisha ababanyi incuti n’abagenzi, anabaha n’imbuto umwimbi usigara ari jeje.

Ngaho ahavuye i koperative yo kurima n’ukworora bigamije kwitezimbere yo ku mutumba Bihororo, Niragira Community, Developement project(NCDP) koperative bitiriye izina rya Sekuru yari umurimyi n’umworozi rurangiranwa aho i Bihororo.
Koperative yuguruwe n’umushingantahe aserukira abarundi bompi baba mu mahanga Japhet Legentil, kumwe n’indongozi z’intara ya Muramvya.

Mwomenya ko iyo koperative igeze ku mwimbu urenze uwukenewe i Muramvya kuburyo bariko barondera mu zindi ntara abaza kubagurira ibitoke.

Indundi Magazine mu gisata cayo ca Diaspora ikaba ikeje uwo mu rundi aba muri Canada inatera akamo abandi gufatira kuri ako karorero.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 513