BurundiÉnergieEntertainmentgroups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundimusic

Umukunzi wa DJ Ira ntakibarizwa I Kigali

Amajambo y’umunezero uvanze n’umubabaro niyo yaranze igice ca Story ca Instagram y’umu Dj w’umurundi, Dj Ira, abarizwa mu gihugu kibanyi c’Urwanda. Ayo majambo yashizwe kuri urwo rubuga ku musi wa mbere w’ino ndwi buca turangiza, akaba yari ayo gusezera n’ukwipfuriza urugendo rwiza umukunzi wiwe.

Uwo musore  yaherekeje ntiyabashije kumenyesha igihugu agiyemwo, canke nimba agiye kugumayo canke nimba azogaruka, ariko bikaba bishoboka ko agiye kuzogumayo, urasomye hagati y’indome uwo mwigeme yanditse.

Kuri urwo rubuga yanditse mu rurimi rw’icongereza n’ifaransa ati  :“ Urugendo rwiza mukunzi, Niyomugabo Regis, uzogire amahigwe mu buzima bushasha ugiyemwo gutangura. Ndakwizeye uzobishobora. Warakoze ku bintu vyose. Ndagukunda.”

Uwo mu DJ asigaye avuga rikijana I Kigali, akaba kuri urwo rubuga nyene yashizeko ayandi majambo, aho yo yaherekejwe n’amashusho bari mu modoka, bishoboka ko bariko baja ku kibuga c’indege ca Kanombe I Kigali. Ayo majambo yashize akaba yasubiriye kandi kumubwira ko yanamaze kumukumbura kandi ataramuva mu ntoke.

“Namaze kugukumbura, ndasubiyemwo urugendo rwiwza kandi uzokwamane ubukerebutsi”

Amakuru dukesha ava mu ncuti z’abegereye uwo musore akaba avuga ko uwo musore agiye mu gihugu I Dubai, aho bishoboka ko agiye kuba. Ayo makuru twaronse akaba avuga ko uwo musore n’iyindi ncuti yiwe bashobora kuba bari basanzwe bakora urudandazwa rw’ugukura ibintu muri ico gihugu babizana I Kigali.

Mwokwibuka ko mu mwaka uheze wa 2019 ariho havuzwe cane amakuru y’urukundo rw’uwo mu DJ hamwe n’uwo musore, ivyo batahishije kuko amashusho atandukanye y’uwo mwigeme n’uwo musore yari asigaye azunguruka ku mbuga zitandukanye za Instagram.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 776