BurundiÉnergieEntertainmentgroups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundimusic

Abavyeyi b’umukunzi wa Alvin babonye umukwe wabo kuri Noheri

Mu gihe igenekerezo rya 25/12 igice kitari gito c’ababa kw’isi baba bariko bahimbaza ivuka ry’akana Yezu, Noheli, Iwabo n’umukunzi wa Alvin bari baramutse babona umukwe.

Alvin Smith ngo bagiye kumwerekana muhira iwabo n’umukunzi wiwe, ivyo n’ivyabonetse kuri Video yashizwe ku rubuga rwa Instagram. Ico gihe akaba yabonetse arikumwe n’umukunzi wiwe bagize imisi bazungurukana.

Nkuko vyumvikanye muri iyo Video, uwo mukobwa ngo muhira iwabo ni mu kinanira. Uwo mukobwa yanabajije umukunzi wiwe ko yabonye muhira, noneho Alvin aca ararivumera ko yagiye kwerekananwa muhira iwabo.

None Alvin mu misi ya Vuba yoba agiye kugira ubugeni canke? Biracagoye kwemeza, kuko ata tariki canke ikindi kimenyetso c’ubugeni bw’abo bakunzi bagize imisi bagezweho I Bujumbura kirabasha kumenyekana.

Uno musi nyene ni naho Alvin yanashize ahabona imipira yari yamenyesheje mu misi iheze ko azoshira ahabona, iyo mipira ikaba iriko mu maso hiwe yambaye mw’izosi umugufu ufise ikimenyesto “Medaille” y’umutwe w’inka. Izo mpuzu zikaba ziriko zidandarizwa muri Boutique yitwa Luxus I Bujumbura.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 776