BurundiÉnergieEntertainmentgroups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundimusic

Olegue ngo Korayo niy’abadandaza gusa

Mu gihe abatari bake bagize imisi basa nkaho bariko batera amabuye umuririmvyi Olegue, bakayamutera kubera indirimbo yashize ahabona  yise “Korayo”, uwo muririmvyi mu kiganiro yatanze ku nsamirizi Colombe, yamenyesheje ico we yashatse kuvuga muri ndirimbo.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi yamenyesheje ko we yashatse kwigisha abantu kwihagararako iyo bafise urundandazwa, na cane cane iyo bazi ko ivyo bariko badandaza biba ari ibintu bimeze neza, ico gihe ngo ntibemere ko hagira uwubahagararako ngo abasabe ideni.

Yagize ati :“Nashatse kuvugira abantu. Ni vyiza ko ubaho uzi kuvugira igikorwa cawe, ukimenyekanisha mu bantu ukagiha inguvu. Nimba ugurisha amavoka, yashore uvuga uti aya mavoka sinoguha ideni. Noguha ideni kuberiki? Kugira dutangure kwiruka? Korayo umpe, ndaguhe imizigo wigire.”

Aha mukibuka ko uwo muririmvyi yariko yagirizwa kumenyekanisha no guha inguvu ibijanye n’urudandazwa rw’abantu, mbere n’ukudaha iagaciro umwigeme, kuko bo ngo batari ikidandazwa nkuko yabivuze muri iyo ndirimbo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 776