featured sportArsenalChelseahomepageInkinokirundikirundi_SportsYvan muziki

Umumenyereza wa les Jeunes Athletic yatanze imihoho

Uemurwi les jeunes Athletic ikina mu cicaro ca kabiri igiye gutakaza umumenyereza wayo.

Amouri Manirakiza yari asanzwe amenyereza umugwi les jeunes Athletic yatanze imihoho kuva kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 19 Ruhuhuma umwaka wa 2019.

Intandaro yo gutanga imihoho mu mugwi Les Jeunes Athletic ni ukutumvikana n’uwusanzwe arongoye umugwi les jeunes Athletic .

Amouri Manirakiza avuga ati” nariko nkora mu buryo butabereye mu mugwi les narasavye uwusanzwe arongoye les jeunes Athletic ko twoyaga tukumvikana kugira ibintu bije mu buryo rero nahagaritse kumenyereza uyo mugwi mpaka habe ukumvikana”.uyo akaba ari umumenyereza Amouri Manirakiza.

Uwo mumenyereza akaba yari asanzwe amaze kumenyereza inkino zitanu mw’ihiganwa ryo mu cicaro cakabiri , akaba yatsizemwo urukino rumwe gusa izindi zine arazitakaza .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 872