AnimalsBurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Mu ndwi 1 gusa Olegue na Double Jay nibo bonyeba bakwije views 100,000 kuri YouTube

Double jay co kimwe na Olegue ni 2 mu baririmvyi b’abarundi muri ino misi bariko bakora ibintu bisa nkaho ari bishasha kuko abarundi bari babirindiranye igishika cinshi, ariko kandi vuba cane bizoba bisa nkaho ari ibisanzwe.

Ivyo tuvuga n’ugukwiza abantu 100,000 kuri Youtube mu mwanya muto. Korayo co kimwe na Nopfa indirimbo nshasha ziheruka gusohoka vuba cane, zikaba ziheruka gukwiza abo bantu mu mwanya w’imisi 7 canke irengako gato.

Izo ndirimbo zose uko ari 2 zikaba zarabashije gushigikirwa cane, kuko abantu batari bake barabashije kugurwa cane gose.

Kuri Nopfa ya Double Jay hakaba habonetse abantu batari bake bifashe amashusho harimwo n’umukunzi wiwe, aho bavuga ijambo “Nokwishinga Nopfa”, ijambo riboneka muri iyo ndirimbo ubwayo. Ibishoboka kuba arivyo vyatumye iyo ndirimbo imenyekana cane.

Ku ndirimbo Korayo ya Olegue naho, hakaba harabonetse naho abantu batari bake bavuze kuri iyo ndirimbo ariko Atari ku bintu vyiza, kuko abantu batari bake babona ko uwo muririmvyi atarakwiye gusohora indirimbo ifise ayo majambo kuko harimwo ubutumwa butari bwiza.

Hampande y’izo ndirimbo zibiri tubashikirije hakaba hari n’izindi zitari nke ziriko ziregereza gukwiza 1,000,000 ibimaze gukorwa n’imparurwa hano iwacu. Uwuzwi ni KIdum haba ku ndirimbo yiwe canke iyo bakoranye na Esther Nish, umbamwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 776