AmazingBurundiHealthhomepagekirundiSanté

#Burundi| Abantu 40 nibo banduye coronavirus mu misi ibiri iheze

Abantu bagera ku 40 bashasha nibo bamenyekanye ko banduye umugera wa covid-19 mu misi ibiri iheze.

Ivyo ni ibiri mw’itangazo ryasohowe kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 6 Nzero 2020, n’ubushikiranganji bujejwe kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida.

Umushikiranganji Thaddée Ndikumana amenyesha ko 10 muri abo ari abari bagiye gusaba urupapuro rwerekana ko batanduye umugera wa covid-19.

Yaboneyeho guhamagarira abanyagihugu kwubahiriza ingingo zafashwe mu kwikingira ico kiza, amenyesha kandi ko abo banduye bariko bavurwa amagara yabo yifashe neza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765