BurundiDevelopmenthomepageInfrastructureskirundimembers-membership-request

Yaraye abogojwe mu mabanga yahoramwo.

Nk’uko biri mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu inomero 100/003 ryo kuwa 7 Nzero 2021, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye amenyesha ko abogoje mu mabanga yiwe Emile Ndayisaba, yahora arongoye Ikigo kijejwe amabarabara mu Burundi,  ku mvo z’uko ibikorwa vyiwe vyari guhava bibangamira ubutunzi bw’igihugu bikongera bigacafuza isanamu nziza y’Uburundi.

Ivyo bibaye uko mu gihe mu kiyago yaheruka kugiranira n’abenegihugu hamwe n’abamenyeshamakuru, Perezida Evariste Ndayishimiye yashikirije ko atagiye kwihanganira na gato abakozi ba Reta bikika mu kiza mu gufata nabi itunga ry’abenegihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 768