BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Masterland yatanze umuti yakoresheje ngo abashe gutorwa mu kibanza c’umuririmvyi w’umwaka muri RFM

 

Mu gihe bamwe mu bariko bahiganwa na Masterland basa n’abatashimishijwe n’iyo ntsinzi yiwe ngo ntiyagiye guhiganwa abona ko intsinzi ari ngombwa, ahubwo yisanze yatsinze. Ivyo n’ivyo uwo muririmvyi aheruka gutsindira ikibanza c’umuririmvyi w’umwaka ku nsamirizi RFM aheruka kuvuga ku ntsinzi yiwe.

Muri iryo higanwa, Land avuga ko abo barikumwe bose bari bashoboye gutwara ico kibanza yaronse. Ariko naho vyari biruko ngo nta numwe yamutera ubwoba, naho harimwo abaririmvyi bakzoe neza muri uno mwaka wa 2020, Ico yakoze ngo yaciye yiyambaza abafana biwe kugira bikunde abashe guhagarara neza muri iryo higanwa.

“Nta muririmvyi yantera ubwoba kuko mu bisanzwe umuziki mu kuwukora, benshi barahendwa n’ibintu tubonesha amaso. Ariko harimwo ama Facteur menshi, kuko je mba nararonse ama Deal menshi, narateguye ibiteramo, Urumva ko mba narabonetse cane. Urumva nimba barakoze abandi abaririmvyi nanje narakoze.” Akaba yabivuze aho yari mu kiganiro na Hosy Irakoze

Ubwo butumwa nyene bukaba bwagiye buherekezwa n’ubundi butandukanye bwagiye butangwa biciye ku mbuga zitandukanye zirimwo na Whatsapp. Kuri Whatsapp uwo muririmvyi yahavuye abwira abatashimishijwe n’uko yatwaye ico kibanza ngo barabe baje kwitura ubutungane.

“I’m the artist of the year kabarye… No mu mwaka uza nzosubira. Enda basha nimwubahe ingingo canke mushingishe urubanza.”

Mwomenya ko bamwe mubo bari bariko bahiganirwa ikibanza ko basa n’abatashimishijwe n’uko ico kibanza catwaye Masterland.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775